16 février 2020
Le chant burundais de ce dimanche. Ninde yokora nk'ivy'Umukama yakoze?
Ni nde, ni nde, ni nde, ni nde, ni nde, ni nde mu bari kw’isi ni nde, ni nde
Ni nde yokora ivy’Umukama yakoze, ninde yokora ivy’Umukama yadukoreye,
R/Ni nde, ni nde ni nde ni nde ni nde, ni nde mu bari kw’isi ni nde, ni nde ninde yokora ivy’Umukama yakoze, (ninde) ninde yokora ivy’Umukama yakoze. (Oya) nta numwe ariho kandi ntawigezeho, (eka) ntawuzoza, akora ibikorwa nk’ivy’Umukama Imana yacu yadukoreye.
- 1. Imana niyo yaremy’ivyo tubona vyose, eka n’ivyo tutabona niyo yabiremye. Ninde wundi muntu yokor’ivyo vyose. Akabih’ubwiza buhimbaye cane. Kirets’iyo Mana ivyagiye mw’i-juru. +R/
- 2. Imana niyo yaremy’inzuzi n’ibiyaga. Irema umuntu imukuye mu mukungungu. Ninde wundi muntu yokor’ivyo vyose. Akabih’ubwiza buhimbaye cane. Kirets’iyo Mana ivyagiye mw’i-juru. + R/
- 3. Niyo yakuy’igihugu cayo mu Minsiri, ikijabutsa ikiya-ga gitukura. Ni nde wundi muntu yokorer’ivyiza igihugu ciwe, akakibungabunga, kirets’iyo Mana ivyagiye mw’ijuru.. +R/
- 4. Imana niyo nsa yadutsindiye urupfu,itugabira ubuzima bw’imyaka yose, ni nde wundi muntu yokwigur’abiwe, akabahebera ubuzima bwiwe bwose, kirets’iyo Mana ivyagiye mw’ijuru. .. +R/